Uko wahagera

ADF Yagirizwa Kwica Abasivile 16 muri Ituri, mu Buseruko bwa Kongo


Abarobeli barishe abasivile 16 hamwe n’umusirikare umwe w’ipete rya Capitaine mu ntara ya Ituri, mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo ku misi ya gatanu n’uwa gatandatu. Igisirikare ca Kongo, FARDC cavuze kuri uyu w’Imana ko ibitigiri vyari vyatangajwe ubwa mbere vyatanga igitigiri c’abasivile 10.

Buramatari w’umusirikare atwara intara ya Ituri, Colonel Siro Simba, yavuze ko abarobeli bo mu muhari ADF, batanguye bica abasivile 10 mu mihana y’i Kandoyi kuwa gatanu.

Ikindi gitero co ku musi wa gatandatu cabereye mu mihana y’i Bandiboli yegereye ahabereye ica mbere, cahitanye abasivile batandatu, nkuko vyavuzwe n’uwo mutegetsi.

Ibi bitero bibandanya biba mu gihe mu kwezi kwa cumi na kumwe, abasirikare ba Uganda bifatanije n’aba Kongo mu kurwanya umuhari ADF. Uku gukorera hamwe kwabaye inyuma y’ibitero vy’amabombe ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, ibitero vyegetswe kuri uyu muhari.

Mu mwaka uheze, reta ya Kongo yashize abasirikare ku burongozi bw’intara za Ituri na Kivu y’uburaruko kugira bahashe imihari yitwaje ibirwanisho muri ako karere.

Ariko n’aho biri uko, ibitero vyarabandanije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG