Uko wahagera

RDC: Abakekwa kuba aba ADF Barishe Abasivile 10 muri Ituri


Abakozi ba Croix rouge batora ibiziga vy'abishwe na ADF i Beni, kw'itariki ya 18/02/2020.
Abakozi ba Croix rouge batora ibiziga vy'abishwe na ADF i Beni, kw'itariki ya 18/02/2020.

Muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo, abakekwa kuba abarobeli barishe abantu 10 mu rukurikirane rw’ibitero bagavye mu buseruko bw’igihugu. Nayo igisirikare c’igihugu kivuga ko cishe abarwanyi 22 mu ndwi iheze.

Umukuru arongoye sosiyete sivile, Dieudonne Malangay, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko umuhari w’iterabwoba ADF ukekwa kuba ari wo wakoze ivyo ibitero ku musi wa gatandatu n’uw’Imana muri iyo ntara. Yavuze ko babonye ibiziga icenda vy’abasivile vyishwe na ADF, umwe yari yatuririwe mu nzu iwe, mw’ijoro ryo ku musi w’Imana mu mihana y’i Ndimo, mu ntara ya Ituri.

Yongeyeko ko ku musi wa gatandatu, abarwanyi ba ADF bishe kandi abasivile babiri mu yindi mihana yo hafi y’aho, i Otmaber, baturira amazu 10, hamwe n’imodokari zibiri.

Umuvugizi w’igisirikare mu ntara ya Ituri, lieutenant Jules Ngongo, ntiyishuye abamenyeshamakuru bamubajije igitigiri c’abasivile boba barishwe muri iki gitero ca kabiri. Ariko yavuze ko abasirikare ba reta bagenzura umutekano muri ako karere.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG