Uko wahagera

Abasivile 14 Barishwe na ADF mu Buseruko bwa RDC


Abantu bahunga igitero ca ADF mu kigwati c'i Halungupa hafi ya Beni, muri Kivu y'uburaruko, RDC, kw'itariki 18/02/2020
Abantu bahunga igitero ca ADF mu kigwati c'i Halungupa hafi ya Beni, muri Kivu y'uburaruko, RDC, kw'itariki 18/02/2020

Abantu bitwaje ibirwanisho barishe abasivile 14 mu bitero bibiri bagavye mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Congo. Abategetsi bo ku mutumba ubwo bwicanyi bwabereyeko bagirije umuhari w’iterabwoba, ADF kuba ari wo wabishe.

Ubu bwicanyi bubaye mu gihe abasirikare ba Congo na Uganda bamaze amezi atari make bariko baragaregaza kurwanya uwo muhari muri ako karere.

Umukuru w’ishirahamwe rya sosiyete sivile muri ako karere, Konis Katuo, yavuze ko abarwanyi ba ADF bateye ikigwati c’i Mamove mu gatondo ko ku musi wa gatandatu, bica abagore batandatu n’abagabo batatu.

Meleki Mulala, aserukira sosiyete sivile muri Kivu y’uburaruko, yavuze ko mu kindi gitero cabaye mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu nyene, ADF yishe abagabo batanu i Kisima, kw’ibarabara rikuru rigana ku rubibe rwa Uganda. Nawe nyene avyagiriza abarwanyi ba ADF.

Ibisirikare vya Congo na Uganda biriko biragerageza gucungera umutekano kw’ibarabara rikuru Beni-Kasindi, aho ikompanyi y’Ubuganda iriko irakora ibarabara. Ibi bikorwa vyavuye mu masezerano hagati y’ivyo bihugu bibiri bibanyi.

Ibihugu vya RDC na Uganda vyatanguje urugamba ku muhari ADF mu kwezi kwa cumi na kumwe 2021, ariko abasivile baracabandanya bicwa n’uwo muhari.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG