Uko wahagera

DRC: Abantu Babiri Bishwe n'Ingabo za MONUSCO


Bintou Keita atwara MONUSCO
Bintou Keita atwara MONUSCO

Igisata ca ONU cagiye kugarukana amahoro muri Kongo, MONUSCO, gitangaza ko hari abahitanywe n’amasasu yarashwe n’abasirikare bayo uno munsi ku wa Mungu.

Mw’itangazo MONUSCO isohoye ku mugoroba w’uno wa Mungu, yemanze ico cise “ ikosa riremereye” ryakozwe n’inteko zayo mu buseruko bwa Kongo, ahitwa Kasindi, hahana urubibe na Uganda.


MONUSCO ivuga ko abasirikare bayo bo mu gisata co gutabara mu gatondo k’uno wa Mungu, bariko bava mu buruhuko bamijaguye amasasu ku mvo zidatahuritse. MONUSCO muri iryo tangazo ivuga ko ayo masasu yahitanye abo itatangaje igitigiri, ikomeretsa n'abandi kandi cane. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP, rivuga ko abo ryamenye ko abahitanywe n'ayo masasu ari babiri.

Umupfasoni Bintou Keita, aserukira umunyamabanga mukuru wa ONU muri Kongo, akaba ari nawe atwara MONUSCO, yatangaje ko yababajwe n’ivyabaye, avuga ko ari ikosa rikomeye ritokwihanganirwa. Madame Keita yahojeje imiryango yabuze, yipfuriza gukira vyihuta abakomeretse. Yemeje ko abakoze ico yise ugusamara kutagira izina kandi guteye isoni, MONUSCO ija yabamenye kandi batawe muri yompi.

MONUSCO ibandanya ivuga muri iryo tangazo ko yatanguye kuvugana n’ibihugu abasirikare barashe amasasu bakomokamwo, kugira imanza zabo zitangure vyihuta. MONUSCO yizeza ko imiryango y’ababuze, n’ababonye uko vyagenze bazogira uruhara mu manza z’abasirikare bakoze “Ibara”, mu ntumbero yo kubahana vy’akarorero.

Abanyagihugu ba Kongo bamaze iminsi bakora imyiyerekano yiyamiriza MONUSCO basaba ko ibavira ku butaka bwabo. Bayagiriza ko ataco yabafashije mu gukingira umutekano no gutuza imirwi yitwaje ibirwanisho irimwo M23. MONUSCO imaze imyaka irenga 20 muri Kongo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG