Uko wahagera

DRC: Imyiyerekano Yiyamiriza MONUSCO Imaze Guhitana Batanu


Bamwe mu banyagihugu bakoze imyiyerekano yiyamiriza MONUSCO i Goma
Bamwe mu banyagihugu bakoze imyiyerekano yiyamiriza MONUSCO i Goma

Abantu batanu ni bo bamaze kumenyekana ko baguye mu myiyerekano y'abiyamiriza ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro muri Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Abaharanira agateka ka zina muntu bemeza ko ibiharuro vy’imfatakibanza bafise kugera ino saha vyerekana ko abakomerekeye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ingabo za MONUSCO ejo ku wa mbere barenga cumi.

Uno munsi ku wa kabiri, amwe mu mabarabara yo mu gisagara ca Goma yari acugaye. Ibisasu bitera ubwoba abiyerekanye, vyumvikanye ahatandukanye, harimwo ahitwa Karisimbi, habitswe ibikoresho vya MONUSCO. Mu gatondo k’uno wa kabiri, iki kibanza cari kikirimwo abiyerekana basaba ko MONUSCO ikinjura.

Abiyerekana bagiriza ahanini MONUSCO kunanirwa gutuza M23, no gutora umuti urama w’umutekano muke umaze igihe muri Kongo. Barahira bakarengwa ko abasirikare ba MONUSCO batabaviriyeho, hari iyindi mikenyuro bazofata. Basavye ko na kajugujugu zabo zihagarika kugurukira mu kirere ca Kongo.

Umviriza ibindi aho hasi, mu nkuru yateguwe n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yifashishije amajwi yatororokanijwe n'Ijwi ry'Amerika i Goma.

Abiyerekana Bavuga ko MONUSCO Ibwirizwa Gukinjura
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:22 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG