Uko wahagera

ONU Iremeza ko M23 Ibangamiye Umutekano w'Abasivile


Abarwanyi ba M23 mu kigwati ca Karuba, ku birometero 62 vy'i Goma, umurwa mukuru wa Kivu y'uburaruko.
Abarwanyi ba M23 mu kigwati ca Karuba, ku birometero 62 vy'i Goma, umurwa mukuru wa Kivu y'uburaruko.

Umutegetsi wa ONU muri RDC yavuze kuri uyu wa gatatu ko umuhari M23 urwanira mu buseruko bw’igihugu ufise ibirwanisho vyo ku rwego ruhanitse kandi ubangamiye umutekano w’abasivile.

Bintou Keita atwara umurwi wa ONU uri kubungabunga amahoro muri Congo, MONUSCO, yavuze ko mu mirwano ihitiye M23 yagaragaye nk’igisirikare cikwije hakuba umurwi w’abitwaje ibirwanisho.

Bintou Keita yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko M23 ifise inkoho zikomeye, ibisasu vya morotiye, hamwe n’ibirwanisho bidahusha iyo hageze gukorora n’indege.

Umuhari M23 wari waratsinzwe n’igisirikare ca Congo, FARDC gifatanije n’inteko za MONUSCO mu 2013. Ariko mu kwezi kwa cumi na kumwe 2021, wongeye gusubira kwisuganya.

Abategetsi ba RDC batunga urutoke U Rwanda kuba ari rwo rufashe mu mugongo uwo muhari. Reta y’u Rwanda irahakana ko ifasha uwo muhari w’abarobeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG