Uko wahagera

Kenyatta: Inteko za EAC Zikwiye Kurungikwa Vuba Kugarukana Amahoro muri RDC


Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya
Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya

Perezida wa Kenya, Uhuru Kenyatta, kuri uyu wa gatatu yasavye ko harungikwa vuba inteko z’akarere ka EAC, kugarukana umutekano mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo, aho intambara zikomeye zavyuye inzankano mu bihugu vyo mu karere.

Imirwano imaze ikiringo giharurwa mu ndwi, yahagaritse imigenderanire ya kidiporomasiya hagati ya RDC n’igihugu kibanyi c’u Rwanda. Kongo yagiriza u Rwanda kuba intandaro y’ibi bitero bishasha vy’umuhari M23, uwo Kongo yita umuhari w’abarobeli bayirwanya.

U Rwanda ntiruhengeshanya guhakana gufata mu mugongo abo barobeli, mu gihe ivyo bihugu uko ari bibiri vyagirizanya kwinjira ku butaka bwa kimwe n’ikindi kugabayo ibitero.

Mw’itangazo yasohoye, Perezida Kenyatta asaba ko inteko z’akarere zitangura gukora, kw’izina ry’umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, EAC.

Ingingo yo gushiraho izo nteko z’akarere yumvikanyweko mu kwezi kwa kane, igihe Perezida Kenyatta yakira abategetsi ba Uganda, Uburundi, u Rwanda na RDC i Nairobi, aho baganiriye kuri uwo mutekano muke urangwa muri Kongo.

Kenyatta yavuze ko abakomanda b’ibisirikare vy’ibihugu indwi vya EAC bazohura ku musi w’Imana kugira baheraheze imyiteguro yo kurungika izo nteko z’akarere.

Izi nteko z’akarere zizorungikwa mu ntara za Ituri, Kivu y’uburaruko na Kivu y’ubumanuko kugarukana umutekano muri ako karere no gutsimbataza amahoro.

Yavuze kandi ko zizokorana n’abategetsi b’izo ntara kandi bakorane vya hafi n’umurwi wa ONU muri Kongo, MONUSCO mu kwaka ibirwanisho abo bose babifise bitemewe n’amategeko.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG