Uko wahagera

36 Bari mu Ndege Yakorotse muri Somaliya Barokotse


Indege Yakoze impanuka
Indege Yakoze impanuka

Abategetsi ba Somaliya batangaje ko indege yari itwaye abantu 36, umudereva wayo n’abafasha biwe, yagize isanganya uno musi ku wa mbere ku kibuga c'indege co ku murwa mukuru, Mogadisho. Bose barokotse.

Iyo ndege y’ikompanyi, Jubba Airways, yari ivuye mu gisagara ca Baidoa kiri mu bumanuko bwa Somaliya igihe yagira isanganya ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru, Mogadishso, uno musi ku wa mbere.

Umuyobozi w’indege zitwara abantu muri Somaliya, Ahmed Moalim, yabwiye Ijwi rya Amerika ko iyo mpanuka yabaye hafi y’isaha zitanu zo mu gitondo mu masaha y’i Mogadisho igihe yariko irurukira ku kibuga c’indege.

Ababonye ivyabaye bari ku kibuga c’indege mpuzamakungu co ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho, bavuga ko iyo ndege yururutse hataragera ko ishikira ikibanza c’indege. Yaciye igwa hasi irubama, ica itangura kwaka umuriro.

Bavuga ko babonye abajejwe kurwanya imiriro bariko baragerageza kuzimya imbeya zariko zaka kuri iyo ndege.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG