Uko wahagera

Somaliya Isaba Turukiya Ubufasha bwo Guhangana n'Uruzuba


Umwe mu banyagihugu ba Somaliya
Umwe mu banyagihugu ba Somaliya

Prezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud, yasavye uno musi ku wa gatatu Turukiya kumufasha kurwanya ingaruka zikomeye z'uruzuba zigeramiye akarere ko mw'ihembe rya Afrika.

Ivyo Prezida Hassan Sheikh Mohamud yabitangaje mu rugendo rwa mbere agize muri Turukiya kuva agarutse mu mabanga yiwe ya prezida, inyuma y’amatora yabaye mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka. Somaliya na Turukiya vyarakomeje imigenderanire hagati yavyo mu kiringo c’imyaka cumi irangiye.

Prezida Mohamud yabwiye abamenyeshamakuru inyuma y’uko abonanye na Prezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, ko baganiriye ku nkwirikizi z’uruzuba ku banyagihugu, kimwe mu bibazo baganiriyeko. Yavuze ko yahaboneye akaryo ko gusaba Abanyaturukiya kubafasha gukora ivyo bashoboye nk’uko babikoze imbere y’aho.

Prezida wa Turkiya yaragendeye Somaliya mu mwaka w’i 2011, igihe hari inzara ikomeye yari yatewe n’inkwirikizi zikomeye z’uruzuba. Urwo rugendo rwatumye igihugu ciwe gitangura gutanga imfashanyo zigenewe abanyagihugu, iterambere n’iyindi migambi yerekeye ivy’inyubako muri Somaliya.
Prezida Erdogan avuga ko imfashanyo zerekeye abanyagihugu n’iterambere igihugu ciwe cahaye Somaliya mu kiringo c’imyaka cumi irangiye, zirenga umuliyaridi w’amadolari.

Turukiya yarashize kandi ikibanza ca gisirikare muri Somaliya mu ntumbero yo kumenyereza abasirikare b’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG