Uko wahagera

448 Barahitanywe n’Amapfa muri Somaliya


Abantu barenga 448 barahitanywe n’amapfa mu gihugu ca Somaliya muri uno mwaka. Ivyo bitigiri bitashizwe ahabona vyatangajwe n’itororokanirozo ry’amakuru y’Abanyamerika AP. Vyatanzwe n’amavuriro avura abantu bakitswe n’ingwara zijanye n’ugufungura nabi. Muri iki gihe abategetsi mu bihugu vy’akarere harimwo Somaliya, Etiyopiya na Kenya navyo nyene biriko birakora bishimitse mu ntumbero yo kwirinda amapfa. .

Hari abandi bantu benshi cane bagenda bitaba Imana ariko ubuyobozi ntibubimenye. Akarorero ni umuvyeyi yitwa Owliyo Hassan Sallad amaze gupfusha abana biwe bane muri uyu mwaka kandi bose bari musi y’imyaka 10.

Hari abantu bitaba Imana bari mu bigwati vya kure. Hari abapfa bari ku mayira barondera icorirenza. Abandi bapfa bamaze gushika mu makambi y’abataye izabo kuko bashikayo bamaze gusinzikara.

Adam Abdelmoul, umutunganyabikogwa vy’imfashanyo za ONU yavuganye n’abamenyeshamakuru ejo ku musi wa kabiri, yemeza ko abantu ibihumbi n’ibihumbi bamaze kwitaba Imana kubera inzara. Naho raporo ivyemeza itarasohoka.

Uruzuba rwinshi rwama rwihaye inkumbi mu bihugu vyo mw’ihembe rya Afrika, ariko uyu mwaka ni ivyakataraboneka. Ibikowa vy’abagiraneza vyaragabanutse cane bivuye ku kiza ca Covid 19 hamwe n’intambara y’Uburusiya muri Ukraine.

UNICEF imenyesha ko mw’ihembe rya Afrika hagiye kuzokwibonekeza iyongerekana ry’abana bitaba Imana mu buryo bw’umurengera isi niyaguma ihanze amaso intambara yo muri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG