Uko wahagera

Prezida wa Ukraine Yirukanye Abategetsi 2 Bakomeye muri Reta Yiwe


Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zekensky
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zekensky

Ibitero vy'amabombe vy'Uburusiya uno musi ku wa mbere mu gisagara ca Toretsk, mu ntara ya Donbas mu buseruko bw'igihugu ca Ukraine vyahitanye abantu 6. Bibaye mu gihe prezida wa Ukraine, Volodymyr Zekensky yirukanye umushikirizamanza mukuru w'igihugu n'umutegetsi mukuru ajejwe umutekano mu gihugu.

Toretsk, igisagara kibamwo abantu 30.000, kiri ku bilometero 50 mu bumanuko bw’igisagara ca Kramatorsk abasirikare b’Uburusiya bariko barondera gufata. Uburusiya bwaragize intambwe mu bihe vya vuba mu ntara ya Donbas aho abasirikare babwo bafashe ibisagara vya Lysychansk na Severodonetsk.

Muri ico gihe Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yatangaje ku musi w’Imana ko yirukanye umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Iryna Venediktova, n’umutegetsi mukuru ajejwe umutekano, Ivan Bakanov. Yafashe iyo ngingo kubera hari abajejwe kwubahiriza amategeko batari bake bikekwa guhemuka.

I Bruxelles mu Bubiligi, abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya barahuye kugira baganire ivyerekeye gukomeza ibihano Uburusiya bwafatiwe.

Umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire w’uyo muryango, Josep Borrell yagabishije ko ingingo y’Uburusiya y’ukuzibira ibivuko vyo muri Ukraine iriko ituma Ukraine idashobora gushorera hanze amatoni imiliyoni n’imiliyoni y’intete zayo mu mahanga. Amenyesha ko ivyo bitegerezwa guhagarara.

Ivyatangajwe na Borrell bibaye mu gihe bitegekanijwe ko abajejwe ibiganiro b’Uburusiya na Ukraine bahura n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU na Turukiya mu gisagara ca Istambul ku musi wa gatatu kugira baganire ivyerekeye amasezerano ashobora guhagarika ingingo y’Uburusiya yazibiye ibivuko vyo muri Ukraine mu kiringo c’amezi n’amezi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG