Indege itwara imizigo yarimwo itoni 11 z’ibirwanisho yagiriye impanuka mu Bugiriki. Iyo ndege yegukira sosiyeye itwara imizigo muri Ukraine, yari ivuye muri Serbiya ija muri Bangladeshi aho yari itwaye ibirwanisho bitandukanye vyaguzwe n’ico gihugu.
Abategetsi b’Ubugiriki batangaje ko abakozi icenda bakomoka muri Ukraine bari muri iyo ndege bose bayiguyemwo. Umudereva wayo, yasavye uruhusha rwihuta rwo kururuka, abajejwe ivy’indege mu Bugiriki, ariko inyuma y’umwanya muto cane arusavye ntibashoboye kubandanya bamwumva.
Ababonye indege ihenuka, bemeje ko yatanguye gufumba umwotsi iri hejuru itaragwa. Abanyagihugu baba mu micungararo yaho yaguye, basabwe kuguma mu mazu yabo kandi bakugara imiryango n’amadirisha.
Umwe mu bategetsi b’Ubugiriki yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, ko bamwe mu bazimyamuriro bagerageje kwegera ikibanza cabereyemwo isanganya bumvise “Bumva umenga bariko basha iminwa yabo”
Facebook Forum