Uko wahagera

Impungenge ku Masezerano y'Amohoro muri Sudani


Prezida Salva Kiir n’icegera ciwe, Riek Machar.
Prezida Salva Kiir n’icegera ciwe, Riek Machar.

Ubwicanyi buriko bubera muri Sudani yo mu bumanuko buriko butuma haba impungenge ko amasezerano y'amahoro acumbagira mu gihugu, ashobora gusambuka imbere y'amatora ategekanijwe mu mwaka uza.

Ubwo bwicanyi buba nka misi yose muri Sudani yo mu bumanuko bwagirizwa kenshi abantu bitwaje ibirwanisho bakora ibitero bigeramiye amasezerano y’agehengwe yapfunditswe mu mwaka w’i 2018 hagati ya Prezida Salva Kiir n’icegera ciwe, Riek Machar.

Naho abo bategetsi babiri bakorana muri reta imwe mu mahoro agereranye ku murwa mukuru, Juba, mu bindi bice vy’igihugu hasa n’aharangwa ingwano.
Abantu amajana n’amajana barishwe kuva uyu mwaka utanguye mu bwicanyi bufatiye ku bitero vy’ugusahura ibitungwa hamwe no ku kwihorana hagati y’ubwoko butandukanye.

Ubwicanyi busa n’ubwiyongeye muri Sudani yo mu bumanuko mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka inyuma y’uko Papa Fransisko asibishije urugendo yari kugira muri ico gihugu muri uku kwezi.

Abantu batari musi ya 209 barishwe, abandi 33 barakomereka mu gihugu mu kwezi kwa gatandatu kwonyene.
Mu misi ya vuba ubwicanyi bukomeye cane bwabereye muri reta ya Warrap, umukuru w’igihugu aturukamwo. Mw’ijambo yashikirije mu ntango z’ukwezi kw’indwi, Prezida Salva Kiir yaratangaje ko batakaje abanyagihugu benshi mu bwicanyi bubera mu gihugu.(AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG