Uko wahagera

USA Yatumiye i Washington, DC, Umuryango w'Umumenyeshamakuru Shireen


Umwe mu banyagihugu afise ifoto ya Nyakwigendera, Shireen
Umwe mu banyagihugu afise ifoto ya Nyakwigendera, Shireen

Reta zunze ubumwe za Amerika zatumiye i Washington umuryango w'umumenyeshamakuru wa Al Jazeera, Shireen Abu Akleh, yishwe ariko akwirikirana ibitero vy'igisirikare ca Israyeri mu ntara ya Cisjordaniya mu kwezi kwa gatanu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken, yatumiye uwo muryango muri Amerika kugira bashobore kwicara hamwe baganire nawo amaso mu yandi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasanze Abu Akleh, umumenyeshamakuru w’umunyamerika akomoka muri Palestina yapfuye ahitanywe n’amasasi y’igisirikare ce Isirayeri. Abategetsi ba Amerika baremera ko bisa n’uko ibintu vyagenze nk’uko.

Umuryango wa Shireen Abu Akleh warashavujwe cane n’ukugene Reta ya prezida wa Amerika, Joe Biden, yishuye ku rupfu rwiwe. Umwishwa wiwe, Lina Abu Akleh, yemeje ko yavuganye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken uno musi ku wa gatatu. Amenyesha ko basubiye gusaba ko babonana na Prezida Biden i Yeruzalemu mu rugendo arimwo muri Isirayeri.

Amenyesha ko umuryango wiwe werekanye ko utashimishijwe n’ivyo abategetsi ba Amerika batangaje kw’itariki 4 y’uku kwezi kw’indwi ku rupfu rwa Abu Akleh bisa n’ivyerekanye ko ata makosa inteko za Isirayeri zakoze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG