Uko wahagera

Abimukira 22 Bapfiriye mw'Ibahari ku Nkengera za Libiya


Abimukira b'abanyafrika mu bwato muri Mediterane
Abimukira b'abanyafrika mu bwato muri Mediterane

Abimukira 22, bose bamuka muri Mali, bapfiriye mw’ibahari ku nkengera za Libiya. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa kabiri ko ryabwiwe n’abarokotse ko abo bimukira banizwe n’amazi.

Ishirahamwe rya ONU ryita ku mpunzi n’abimukira, OIM, ryavuze ko inyuma y’imisi icenda bamaze mu mazi, abarokotse 61, nka bose bamuka muri Mali, batabawe n’abasirikare ba Libiya bacungera inkengera z’amazi.

Umuvugizi wa OIM, Safa Msehli, yavuze ko abo bimukira bandurutse kw’itariki 22 z’ukwa gatandatu bava mu gisagara ca Zuwara, muri Libiya hafi y’urubibe rwa Tuniziya, mu bwato bw’imbaho.

Msehli yavuze ko bamwe muri bo bari basinzikaye cane baciye batwarwa kuvurirwa mu bitaro vya OIM.

Libiya yabaye umuhora w’abimukira baja ku mugabane wa Buraya kuva mu 2011, inyuma y’aho Moamar Kadhafi akuriwe ku butegetsi na OTAN.

AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG