Uko wahagera

Burkina Faso: Abajihadiste Barishe Abasivile 34 mu Buraruko


Abasirikare ba Burkina Faso mu bikorwa vyo gukizura
Abasirikare ba Burkina Faso mu bikorwa vyo gukizura

Abakekwa kuba abajihadiste barishe abantu bashika 34 mu bitero bakoze mu buraruko bwa Burkina Faso mu mpera z’iyi ndwi irangiye.

Buramatari w’intara ya Kossi, Babo Pierre Bassinga, yavuze kuri uyu wa mbere ko mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, hishwe abantu 22, barimwo n’abana, mw’ijoro ryo ku musi w’Imana.

Ayandi makuru yavuye mu bajejwe umutekano mu buraruko bwa Burkina Faso, yavuze ko abandi bantu 12 bishwe ku musi wa gatandatu mu kigwati ca Namissiguima, mu ntara ya Yatenga.

Burkina Faso, iri mu ruhagarara rw’umutekano muke watewe n’imihari y’abajihadiste yaje iva mu gihugu kibanyi Mali mu 2015.

Ubwicanyi bukorwa n’imihari y’iterabwoba ishamikiye kuri Al-Qaeda na ISIS, bumaze guhitana ubuzima bw’abantu baharurwa mu bihumbi hamwe n’abarenga umuriyoni 1.9 bataye ingo zabo.

Ibice birenga 40 kw’ijana vy’igihugu bigenzurwa n’iyo mihari.

AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG