Uko wahagera

Burkina Faso Yiyemeje Guhangana n'Imirwi y'Iterabwoba


Muri Burkina Faso reta ihari ya gisirikare irarahira ko igiye guhagurukira kurusha ibitero vy’abarwanyi b’intambara ya gitagatifu bitera vyiyongera.

Inyuma y’amezi atanu abasirikare bakuye ku butegetsi umukuru w’igihugu yari yaratowe n’abanyagihugu bakarahira ko bagiye gukemura ikibazo c’abarwanyi, ico kibazo kiracabaraje ishinga.

Abanyeburkina Faso bari barashigikiye iyo kudeta yabaye mu kwezi kwa mbere. Reta yahahora yari yarananiwe no gukemura ikibazo c’abagwanyi bo mw’idini rya Islamu bari baratumye abantu imiriyoni 2 bata ingo zabo. Lt. Col. Paul-Henri Sandaogo Damiba yatowe kuyobora reta mfatakibanza ni we yaciye arahira ko agiye gukemura ico kibazo mu ntumbero yo kugarura umutekano mu gihugu.

Yamara, kimwe mu bigo vyiga ivyo gukemura amatati gitangaza ko ubwicanyi bukorwa n’imirwi ikorana na al-Qaida n’iyishigikiye reta ya kislamu bwiyongereye incuro 7 kw’ijana mu mezi atatu ya mbere igisirikare kiri k’ubutegetsi.

Heni Nsaibia umushakashatsi mukuru w’ico kigo amenyesha ko abantu bashika ku bihumbi bitanu bamaze kwicwa mu myaka ibiri iheze muri Burkina Faso. Abahinga bakurikiranira hafi ibiba muri ico gihugu bavuga ko bibandanije uko ubwo bwicanyi buzogira ingaruka mbi cane ku gihugu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG