Uko wahagera

USA Yagiriza Amakompanyi yo mu Bushinwa Gufasha Igisirikare c'Uburusiya


Ubushikiranganji bw'Ubudandaji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika, i Washington
Ubushikiranganji bw'Ubudandaji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika, i Washington

Reta ya Perezida Joe Biden yafatiye ibihano ayandi makompanyi atanu akorera mu Bushinwa kuri uyu wa kabiri. Yagirizwa gufasha igisirikare c’Uburusiya hamwe n’amahinguriro y’ibirwanisho muri ico gihugu. Ni mu ntumbero yo gukomeza ibihano Amerika yafatiye Uburusiya inyuma yo gutera Ukraine.

Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwa Amerika, bwavuze ko ayo makompanyi yafatiwe ibihano yahoze aha ibikoresho Uburusiya imbere yuko butera Ukraine. Buvuga ko kandi gushika n’ubu akibandanya abirungikira ibigo vy’igisirikare c’Uburusiya bisanzwe vyarafatiwe ibihano.

Ubwo bushikiranganji bwongeye ayandi makompanyi 31 kuri urwo rutonde, arimwo ayo mu Burusiya, Emirat zunze ubumwe z’Abarabu, Lituwaniya, Pakistani, Singapore, Ubwongereza, Uzbekistani na Vietinamu. Muri ayo makompanyi 36 muri rusangi yongeweko, 25 akorera mu Bushinwa. Ambasade y’Ubushinwa i Washington ntaco yashimye kuvuga kuri ivyo bihano.

Abategetsi bo mu bisata vya Amerika bijejwe gucungera ko ibihano vyubahirizwa bavuze ko batazotinya guhana uwo wese azorenga ku mategeko ya Amerika.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG