Uko wahagera

Prezida w'Uburundi Yemera ko Hari Amabi Akorwa mu Gihugu Arimwo Ubwicanyi


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, kw'itariki ya 10/05/2022

Mu Burundi, inyuma y'imyaka ibiri iheze Perezida Evariste Ndayishimiye aroye ku butegetsi, amashirahamwe yigenga yo mu gihugu, imigamwe hamwe n'amashirahamwe n'imiryango mpuzamakungu ntibahuriza ku vyo amaze kurangura.

Hari uruhande rwemeza ko yakoze birashimwa bagatanga akarorero cane cane kw'inagurwa ry'imigenderanire hagati y'Uburundi n'amakungu ryatumye Ubumwe bwa Bulaya bukura ibihano ku Burundi.

Urundi ruhande ariko ruvuga ko ata kintu na kimwe cahindutse ugereranije n'ivyakorwa imbere y'uko aja mu mabanga. Uru rufatira ku ma raporo yo mu gisata c'agateka ka kiremwa muntu yerekana ko agateka ka muntu kaguma gahungabanywa.

Perezida Ndayishimiye we yemeza ko ivyaranguwe ata n'umwe yobigaya kireka umwansi w'igihugu n'Abarundi akamenyesha ko yasanze igihugu caratabagaye. Mugabo nawe aremeza ko amabi arimwo ukurya ibiturire no guhohotera abantu avuga ko bikorwa na bamwe mu bamufasha gutwara igihugu. Gusa yibutsa ko uzofatwa ayakora wese atazihanganirwa.

Umviriza Ibindi mu nkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:26 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG