Uko wahagera

Prezida w'Uburundi Asaba Imbabazi ku Vyaha Bikorwa n'Indongozi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Mu Burundi, ishengero katolika rihamagarira abatwara na cane cane umukuru w'igihugu kurwanya amacakubiri y'ubwoko, ay'intara n'ivangura rifatiye ku migambwe. Muri ico gihugu kandi cabayemwo imirwi myinshi yitwaje ibirwanisho, imwe igacika imigambwe mu nyuma, katolika isaba abantu bose kwirinda kuvangurana bafatiye kuyo baje bava.

Kuri uyu wa kane mu ntara ya Muramvya hagati na hagati mu gihugu c'Uburundi hariko habera igikorane co gushimira Imana ku myaka ibiri iheze perezida Evariste Ndayishimiye aroye mu mabanga yo kurongora igihugu.

Nk’uko biri kuva atanguye gutwara Uburundi, ibisabisho vyama vyugururwa n’igisabisho c’abasenyeri canke abapadiri katolika, kuri uyu wa kane ni musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, Gervasi Banshimiyubusa. Yavuze ko mu gihe abategetsi b’Abarundi bahisemwo kuvuga ko bashize Imana imbere bakanayisenga ku mugaragaro bategerezwa kubikora mukuri.

Musenyeri mukuru wa Bujumbura yanahamagariye Abarundi kwimika ingendo yo kurekuriranira. Umukuru w’igihugu c’Uburundi nawe yasavye imbabazi ku vyaha vyinshi bicibonekeza mu ndongozi harimwo ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta n’abagirira nabi abandi.

Inkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry’Amerika

Abasenyeri Bahanura Indongozi z'Uburundi Kwirinda Amacakubiri
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:20 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG