Uko wahagera

Espanye Yegeka Imfu z'Abimukira ku Bakora Urudandazwa rw'Abantu


Umushikiranganji wa mbere wa Espanye, Pedro Sanchez.
Umushikiranganji wa mbere wa Espanye, Pedro Sanchez.

Umushikiranganaji wa mbere wa Espanye, Pedro Sanchez, yagiriza urupfu rw'abimukira 23 bagerageje kwinjira mu ntara yayo ya Melilla ku musi wa gatanu w'indwi ihezee ku bakora urudandaza rw'abantu n'abimukira.

Pedro Sanchez arashigikira uburyo abapolisi ba Maroke na Espanye birukanye abimukira mu ndwi irangiye mu gihe bariko bagerageza kwinjira mu ntara ya Melilla, yegukira igihugu ciwe. Avuga ko ivyo abo bimukira bakoze ari igitero ku mbibe za Espanye.

Avuga ko bategerezwa kwibuka ko benshi muri abo bimukira bateye imbibe z’igihugu ciwe bakoresheje inguvu zidasanzwe. Ko kubera izo mvo ivyo inzego zijejwe umutekano n’abajejwe kugenzura imbibe ba Maroke bakoze kwari ugukingira imbere z’igihugu ciwe.

Abategetsi muri Maroke bagirije urupfu rw’abimukira 23 ku guhonyangana kwabaye ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, igihe abantu amajana n’amajana bagerageza kwurira uruzitiro rw’ivyuma rureha imetero 12 rukingira intara ya Melilla, ibamwo abantu 85.000.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yariyamirije ukugene igipolisi cafashe abimukira. Bagirije kandi abategetsi ba Esipanye n’ab’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya ko barekeranye Maroke n’ibindi bihugu akazi k’ukugenzura imbibe.

Umushikiranganji wa mbere wa Espanye, Pedro Sanchez, yatangaje ko yifatanije mu mubabaro n’imiryango y’abapfuye. Yamara yagirije imirwi igurisha abantu ku bwicanyi bwabaye ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, mu kuvuga ko ikura inyungu mu bubabare bw’abantu baba bariko barondera ubuzima bwiza kurushiriza. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG