Uko wahagera

AU Iratabariza Abimukira b'Abanyafrika Bicirwa ku Rubibe rwa Maroke


Komiseri w'ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat
Komiseri w'ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat

Umukuru wa komisiyo y’ubumwe bwa Afrika yagaragaje umubabaro afise ku bimukira b’abanyafrika bakubagurwa iyo bariko baragerageza kujabuka muri Esupanye baciye muri Maroke. Ni inyuma y’aho abimukira 23 bapfiriye, aca asaba amatohoza kuri ubwo bwicanyi.

Abimukira hafi 2000 barinjiye ku nguvu ku rubibe ruri hagati y’intara ya Nador ya Maroke hamwe na Melilla muri Esupanye ku musi wa gatanu. Abategetsi ba Maroke bavuze ko abimukira hafi 23 bapfuye, abaporisi 140 barakomereka muri izo ntureka.

Komiseri w’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat yasavye ko hakorwa amatohoza yihuta kuri ubwo bwicanyi. Yibukije ibihugu vyose kubahiriza amategeko yose agenga abimukira hamwe no kubahiriza umutekano n’agateka ka zina muntu.

Ambasaderi wa Kenya muri ONU, Martin Kimani, yavuze ko akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano gakorana mu mwiherero kugira kaganire ku bwicanyi bukorerwa abimukira mu ntara ya Melilla ya Esupanye.

Esupanye kuri uyu wa mbere yashimiye Maroke ko yafashije gukingira imbibe zayo, yongera yagiriza abakora urudandaza rw’abantu ku rwego mpuzamakungu kuba ari bo ntandaro y’ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG