Uko wahagera

Mali: Abajihadiste Baragandaguye Abasivile barenga 130


Mali Islamists May 2, 2012
Mali Islamists May 2, 2012

Abakekwa kuba abajihadiste baragandaguye abasivile barenga 130 muri Mali mu mpera z’indwi irangiye mu bisagara vyo hagati na hagati muri Mali.

Abategetsi bo mu karere bavuze ko abo bantu bishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho i Diallassagou hamwe no mu bindi bisagara bibiri bihakikuje. Amazu y'abo banyagihugu yaraturiwe, ibitungwa vyabo birasahurwa.

Abategetsi bavuga ko abishwe bari bagiharurwa n’ejo kuwa mbere.

Nouhoum Togo, arongoye umugambwe muri ako karere, ahitwa Bankass, igisagara gikomeye muri ako karere, yavuze ko abishwe barenga 132. Reta yegeka ubwo bwicanyi ku bajihadiste bashamikiye kuri Al-Qaeda.

Reta yagiriza ico gitero umuhari witwaje ibirwanisho w’aba Fulani ushingiye kw’idini, urongowe na Amadou Koufa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG