Uko wahagera

EAC Yemeje Kurungika Inteko muri RDC mu Ndwi Ziri Imbere


Perezida Félix Tshisekedi aramukanya na Perezida Uhuru Kenyatta, mu nama ya EAC kuri RDC, i Nairobi, Kenya, kw'itariki 8/04/2022.
Perezida Félix Tshisekedi aramukanya na Perezida Uhuru Kenyatta, mu nama ya EAC kuri RDC, i Nairobi, Kenya, kw'itariki 8/04/2022.

Abaperezida bo mu karere k’ubuseruko bwa Afrika bumvikanye kuri uyu wa mbere kurungika inteko guhagarika imirwano iri mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo. Basavye kandi ko ugutana mu mitwe hagati y’abariko bararwana guhagarara ubu nyene.

Iyi ngingo yatangajwe na perezidansi ya Kenya inyuma y’umubonano w’abo bakuru b’ibihugu indwi vya EAC. Iyi nama yabereye i Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya.

Ibiro vya Perezida Uhuru Kenyatta vyatangaje ko abakuru b’ibihugu bumvikanye ko izo nteko z’akarere zibwirizwa kuzokorana n’igisirikare hamwe n’ubutegetsi bwa RDC. Zizoba zishinzwe kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu.

Iri tangazo rya Kenya ntiryavuze ariko nimba abasirikare b’u Rwanda bazoba bari muri izo nteko z’akarere. Ariko reta ya RDC yamye ivuga ishimitse ko itazokwemera ko u Rwanda rubamwo.

Ibicishije ku rubuga hwaniro Twitter, perezidanse ya Kongo yavuze ko izi nteko zizoba zirongowe na Kenya kandi zigiye gutangura kurungikwa ku rubuga rw’intambara mu ndwi ziri imbere. Perezidanse ya Kongo ivuga kandi ko ata basirikare b’u Rwanda bazoba barimwo.

Perezida wa RDC Felix Tshisekedi na Paul Kagame w’u Rwanda bari bitabiriye iyo nama yatumweko na Perezida Kenyatta. Yarimwo kandi na ba perezida b’Uburundi, Sudani y’ubumanuko, Uganda, na ambasaderi wa Tanzaniya i Nairobi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG