Abakuru b’ibisirikare vyo mu bihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, EAC, babonanye mu biganiro kuri uyu wa kabiri. Ibi biganiro bitumbereye gushira hamwe igisirikare c’akarere kizoba kijejwe kugarukana umutekano mu buseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Congo.
Vyabereye mu gisagara ca Goma, mu buseruko bwa Congo. Abakuru b’ivyo bisirikare vya EAC bavuze ko baganiriye ku kuntu izo nteko zizokorana, ariko nta birenze ivyo vyashikirijwe.
Repubulika ya demokarasi ya Kongo yinjiye muri EAC mu kwezi kwa gatatu, ihamvya Uburundi, Kenya, u Rwanda, Tanzaniya, Sudani y’ubumanuko na Uganda.
Igice kinini co mu buseruko bwa RDC, kiri mu rutavanako rw’ibitero vy’imihari yitwaje ibirwanisho yama yagandaguye abasivile. Ako kace gasangiye imbibe na Uganda, u Rwanda n’Uburundi, ndetse n’ibindi bihugu bitari muri EAC.
Uganda iza yararungitseyo abasirikare kurwanya umuhari w’iterabwoba ADF, ku butumire bwa reta ya Congo.
Abakuru b’ibisirikare bavuze ko izi nteko zizofasha kurwanya mu buryo bwose bushoboka imihari yitwaje ibirwanisho mu buseruko bwa RDC.
@AFP
Facebook Forum