Uko wahagera

Ububirigi Bwiteguriye Gusubiza Kongo Iryinyo rya Lumumba


Iryinyo rya Lumumba
Iryinyo rya Lumumba

Igihugu c’Ububirigi citeguriye guha Republika ya Demokarasi ya Kongo iryinyo rya Patrice Lumumba yagandaguwe mu mwaka w'i 1960. Iryo ryinyo ry’umuyobozi mukuru wa mbere yari yatowe mu nzira ya demokarasi agahava agandagurwa, riza gusubizwa umuryango wiwe kuri uno musi wa mbere.

Reta y’Ububirigi iza kurisubiza umuryango wiwe mu rubanza rwateguwe kubera I Buruseli. Lumumba yari yatowe mu nzira ya demokarasi mu mwaka wi 1960 akaba yari yakundwa cane n’abanyagihugu, ariko akankwa cane n’intwaro z’abanyaburaya n’abanyamerika.

Mu rubanza rwo kumwimika, Lumumba yaradomye urutoke ku mabi ateye isoni Abanyekongo bakorewe n’abakoloni b’igihugu c’Ububirigi, ico gihe. Ivyo ntivyashimishije na gato umwami w’Ububirigi Baudouin yari asanzwe ari umukuru w’igihugu ico gihe.

Lumumba yagandaguwe muri coup d’etat yakozwe na colonel Joseph Mobutu inyuma y’amezi make agiye ku butegetsi. Inyuma y’imyaka itari mike, mu mwaka wi 1999 niho umupolisi Gerard Soete yari asanzwe ari mu bari bafise umuvyimba wa Lumumba ahejeje kugandagurwa, yemera icese ko yari agifise iryo ryinyo ry’inzahabu rya Lumumba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG