Uko wahagera

Umwami w'Ububirigi mu Rugendo muri RDC


Umwami w'Ububirigi, Philippe na Perezida Félix Tshisekedi
Umwami w'Ububirigi, Philippe na Perezida Félix Tshisekedi

Umwami w’Ububirigi, Philippe Léopold Louis Marie, kuri uyu wa kabiri aratangura urugendo muri Repubulika ya demokarasi ya Congo.

Uru rugendo rw’imisi itandatu ku butumire bwa Perezida Felix Tshisekedi, rufise insiguro ikomeye, kandi rubaye inyuma y’imyaka ibiri umwami Philippe agaragarije perezida wa Congo ko yicuza ku bikomere vyasizwe n’ubukoloni.

Ni urugendo rwa mbere akoze muri RDC kuva yimitswe mu 2013, kandi rubonwa nk’akaryo keza ko gusubiza hamwe inyuma y’ubwicanyi hamwe n’ayandi mabi yakozwe n’intwaro y’ubukoloni y’Ububirigi.

Aherekejwe n’umutambukanyi wiwe, umwamikazi Mathilde, hamwe n’abashikiranganji bo muri reta y’Ububirigi, barimwo umushikiranganji wa mbere, Alexander De Croo.

Ku musi wa gatatu azoshikiriza ijambo mu nama nshingamateka ari kumwe na Perezida Tshisekedi, hanyuma ku musi wa gatanu arishikirize muri kaminuza y’i Lubumbashi mu bumanuko bw’igihugu.

Abahinga muvya kahise bavuga ko abanyagihugu amamiriyoni bo muri RDC bishwe, abandi bacibwa ibihimba vy’imibiri, abandi bicwa n’ingwara z’ivyaduka igihe bariko barakora mu mirima y’umwami w’Ububirigi, Leopold II mu myaka yo hagati y’1865 na 1909.

Ububirigi kandi buri mu myiteguro yo gusubiza Congo iryinyo rya Patrice Lumumba yarwanije ubukoloni yongera aba umushikiranganji wa mbere inyuma yo kwikukira.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG