Uko wahagera

Imiryango y'Abasirikare Biciwe muri Somaliya Igiye Gushumbushwa Vuba


Abasirikare b'Uburundi mu nteko za AMISOM i Mogadishu
Abasirikare b'Uburundi mu nteko za AMISOM i Mogadishu

Komiseri ajejwe ibibazo vya poritike, ukubungabunga amahoro n'umutekano mu muryango w'ubumwe bwa Afrika, Bankole Adeoye yaraye arangije urugendo yarimwo mu Burundi. Adeoye yasezeranye ko amafaranga ahabwa imiryango y'abasirikare b'Abarundi baguye ku rugamba muri Somaliya n'abahakomerekeye agiye kwihutirwa gutangwa.

Kuri uyu wa mbere, Bankole Adeoye yaroye muri komine Gihanga ahari itongo ry’abapfuye ku Mpanda. Yaroye gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa z’abasirikare b’Abarundi baguye muri Somaliya mu myaka 15 iheze Uburundi butanguye kurungika abasirikare mu nteko z’ubumwe bwa Afrika. Ni ingabo zigwanya umuhari w’iterabwoba w’intagondwa za Al-Shabab.

Uwo muyobozi w’umuryango w’ubumwe bw’Afrika yavuze ko ari akaryo gakomeye ko kwibuka abasirikare b’Abarundi yise incungu, baguye ku rugamba rwo kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya. Yibukije ko ari igikorwa cerekeye Afrika yose muri rusangi atari igihugu kimwe. Yamenyesheje ko ari n’akanya ko gushimira abategetsi b’Uburundi bariko barafasha kugira haboneke umuryango wa Afrika utekanye, ufise umutekano na demokarasi.

Iyi ntumwa y’Umuryango w’Afrika, Bankole Adeoye, yatangaje ko imiryango y’abasirikare baguye ku rugamba muri Somaliya hamwe n’abakomeretse ubwabo bazahozwa amarira.

Bankole Adeoye n’abategetsi b’Abarundi ntaco bavuze ku makuru inzego z’ubutasi za Somaliya n’intagondwa za Al-Shabab batanze ko hari abasirikare b’Abarundi bagizwe imbohe na Al-Shabab mu gitero cabaye kuri kimwe mu birindiro bikomeye vy’abasirikare b’Abarundi mu ntango z’ukwa gatanu guheze. Igisirikare c’Uburundi cemeje ko abasirikare cumi bapfuye, batanu baranyuruzwa mu gihe 25 bakomeretse. Al- Shabab yo yigamvye ko yishe abasirikare b’Abarundi barenga 160. Intumwa y’umuryango w’Afrika, Adeoye, agize uru rugendo mu gihe umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Lieutenant general Prime Niyongabo nawe ariko agendera ingabo z’Uburundi muri Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG