Uko wahagera

Nijeriya: Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abarenga 50 mw'Isengero Katolika


Map of Nigeria
Map of Nigeria

Abantu bitwaje inkoho barashe bongera baturitsa amagerenade kw’isengero Katolika mu bumanuko bushira uburengero bwa Nijeriya kuri uyu w’Imana. Abashingamateka batowe mu ntara vyabereyemwo bavuze ko hapfuye abantu batari bake barenga 50.

Umushingambateka, Ogunmolasuyi Oluwole yavuze ko ico gitero catumbereye isengero Katolika ryitiriwe mutagatifu Francis muri reta ya Ondo, igihe abakristu bariko barasenga kuri uyu musi mukuru wa pentekote. Yavuze ko abana ari bo bagize igitigiri kinini c’abishwe. Umushingamateka Adelegbe Timileyin, aserukira reta intara ya Owo, yavuze ko umupadiri yariko arasoma imisa nawe yanyurujwe.

Abategetsi ntibashotse batanga igitigiri c’abahasize ubuzima. Ariko umushingamateka Timileyin yavuze ko abarenga 50 bishwe, mu gihe abandi bavuze ko ico gitigiri kirenga. Amasanamu ya videwo yavuye aho vyabereye yerekanye abakristu baryamye mu bidengeri vy’amaraso.

Abakoze ubwo bwicanyi ntibaramenyekana. Reta ya Ondo isanzwe izwi ko iri mu ma reta ya Nijeriya arangwamwo umutekano, n’aho higeze kwibonekeza amatati hagati y’abarimyi n’aborozi.

Abajejwe umutekano ntibashotse bavuga ingene ico gitero cabaye canke ngo bavuge abo bakeka kuba inyuma yaco. Akarere ka Owo kari ku birometero 345 mu buseruko bwa Lagos.

@AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG