Uko wahagera

CAdi Itangaza ko iri mu Bukene vy'Ibifungurwa


Abanyagihugu ca Cadi bahunze imihana y'i N'Gouboua mu makambi
Abanyagihugu ca Cadi bahunze imihana y'i N'Gouboua mu makambi

Cadi kuri uyu wa kane yatangaje ko iri mu bukene budasanzwe bw’ibifungurwa, isaba imfashanyo y’amakungu.

Uku gusaba imfashanyo kubaye imbere y’inama yo kuri uyu wa gatanu hagati y’ubumwe bwa Afrika na perezida w’Uburusiya. Ni inama itumbereye kuganira ku kuntu umugabane wa Afrika woronswa ibifungurwa cane cane vy’intete vyazibiriwe umuhora kuva Uburusiya buteye Ukraine.

Itangazo rya reta ya Cadi risaba ibihugu vyose bibishoboye gufasha abanyagihugu bayo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije ko abanyagihugu bangana imiriyoni 5.5 muri Cadi, abarenga ica gatatu c’ababa muri ico gihugu bashobora gukenera imfashanyo y’ibifungurwa uyu mwaka.

Kuva aho Uburusiya butereye Ukraine, mu nyuma ibihugu vyo mu burengero bw’isi bifata ibihano ku Burusiya, vyateye ihungabanwa ry’ibidandazwa vy’ingano vyava muri ivyo bihugu bibiri. Isi yaciye yinjira mu bihe bishobora kuyishikana ku mapfa.

Hafi 30 kw’ijana vy’ingano isi ikoresha ziva muri Ukraine no mu Burusiya.

Kuri uyu wa gatanu, perezida w’Uburusiya, Vladimir Poutine arakira perezida wa Senegal Macky Sall, aho baganira ku kurekura ibifungurwa vy’intete hamwe n’ifumbire vyazibiwe n’intambara, kandi vyakenesheje ibihugu vya Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG