Uko wahagera

Amerika Isaba u Rwanda na RDC Kurondera Inyishu ya Kidiporomasiya


Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Anthony Blinken
Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n'amakungu, Anthony Blinken

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, yasavye kuri uyu wa gatatu ko hokoreshwa inzira ya kidiporomasiya ku cuka kibi kiri hagati ra Repubulika ya demokarasi ya Kongo n’u Rwanda. Yabivugiye mu mubonano yagiranye n’umushikiranganji w’imigenderanire wa RDC i Washington.

Abonana n’umushikiranganji Christophe Lutundula, mu nyubakwa y’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Blinken yavuze ko Amerika yiteguye gushigikira amahoro n’umutekano mu buseruko bwa Kongo, akarere kama mu ruhagarara rw’umutekano muke.

Yavuze ko Amerika ishigikiye utwigoro tw’abategetsi b’abanyafrika bariko barakora kugira hagaruke ituze. Blinken yashimye ibiganiro vyabereye muri Kenya mu ntango z’uyu mwaka hagati ya Kongo n’imihari itari mike iyirwanya.

Perezida wa Angola, Joao Lourenco, nawe nyene ariko arafasha guhuza izo mpande zibiri, aho ku musi wa kabiri yavuze ko Kongo yemeye gutanga abasirikare babiri b’u Rwanda, ifatwa ryabo ryongereje icuka kuba kibi.

Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield, nawe yingize amareta ya Kongo n’u Rwanda kuganira kugira bahwamike icuka kibi kiriho kandi barondere inyishu iciye muri diporomasi.

Kuri uyu wa gatatu, abanyagihugu baharurwa mu majana bihereje amabarabara mu bisagara bibiri vya RDC, aho hari n’abahuriye kuri ambasade y’u Rwanda i Kinshasa, biyamiriza ico gihugu kwivanga muvy’igihugu cabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG