Uko wahagera

RDC: 16 Barishwe mu Gitero Cegekwa kuri ADF


Imidokari zaturiwe na ADF i Mafifi, muri territoire ya irumu, mu ntara ya Ituri, RDC, kw'itariki ya 1/09/2021
Imidokari zaturiwe na ADF i Mafifi, muri territoire ya irumu, mu ntara ya Ituri, RDC, kw'itariki ya 1/09/2021

Abarobeli muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo barishe abantu 16, bakomeretsa abandi indwi hamwe bongera baturira imodokari, mu gitero bagavye mw’ijoro ryo kuw’Imana mu buseruko bw’igihugu.

Ishirahamwe ritabara imbabare, Croix Rouge, ryavuze kuri uyu wa mbere ko ico gitero catanguye ku mugoroba wo kuw’Imana i Bulongo muri Kivu y’uburaruko. Umukuru w’urwaruka mu gace vyabereyemwo, Andika Mihekto, yagirije umuhari ADF kuba ari wo wakoze ubwo bwicanyi.

Croix Rouge ivuga ko umwe muri abo bishwe yari umukozi wayo, yishwe ariko aragerageza guhunga.

Iki gitero kibaye ica kane gikozwe na ADF muri ako karere ka Bulongo kuva mu 2020.

Igisirikare ca RDC kivuga kandi ko abarobeli ba ADF bishe abasivile 27 mu kindi gitero bakoze mu ntara ya Kivu y’uburaruko ku musi wa gatandatu.

Kuva mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze, abasirikare ba Kongo ni bo bategeka Kivu y’uburaruko hamwe n’intara ya Ituri mu ntumbero yo kurwanya imihari igisibije muri ivyo bice vy’igihugu. Ariko abasivile babandanya kwicwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG