Uko wahagera

RDC: Abantu Barenga 30 Barishwe na ADF muri Ituri


Impunzi zihunga ibitero vya ADF mu mihana y'i Halungupa hafi ya Beni, muri Kivu y'uburaruko, muri RDC, kw'itariki ya 18/02/2020
Impunzi zihunga ibitero vya ADF mu mihana y'i Halungupa hafi ya Beni, muri Kivu y'uburaruko, muri RDC, kw'itariki ya 18/02/2020

Abantu barenga 30 barishwe mu bitero bikekwa kuba vyarakozwe n’abajihadiste ku musi w’Imana n’uwa mbere mu ntara ya Ituri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo.

David Beiza, umuyobozi wa Croix Rouge muri ako karere, yavuze ko abarobeli b’umuhari ADF bateye imihana y’abanyagihugu, haruhande y’igisagara Komanda, kiri ku birometero 75 mu bumanuko bwa Bunia, umurwa mukuru w’iyo ntara.

Ahatewe ni i Mangusu, ahasize ubuzima abasivile 17, hamwe na Shauri Moya, ahishwe abandi icenda. Abandi bane biciwe ku kiraro co ku ruzi rwitwa Ituri, nkuko Beiza yavuze.

Imirwano hagati ya ADF n’abasirikare ba Kongo, FARDC yabandanije no kuri uyu wa mbere ku muhingamo.

Abarobeli ba ADF, bazwi ko ari ishami ry’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu mu gice co hagati muri Afrika, uzwiko ubwicanyi ku basivile ukoresheje imipanga hamwe n’ibindi birwanisho bicira umuriro.

Umushikiranganji wa mbere wa Kongo Jean-Michel Sama Lukonde ariko yerekeza muri ako karere, aho kuri uyu wa mbere yashitse i Goma kwirabira ibibazo vy’umutekano muke.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG