Uko wahagera

Abashingamateka mu Burusiya Bemeje Kwugara Ibimenyeshamakuru vyo mu Burengero


Inama nshingamateka y'Uburusiya
Inama nshingamateka y'Uburusiya

Inama nshingamateka y’Uburusiya ku musi wa kabiri yaratoye iremeza integuro y’itegeko riha ububasha ubutungane bwo kwugara ibiro vy’ibimenyeshamakuru mvamakungu bikorera mu Burusiya, vy’ibihugu vyugaye ibimenyeshamakuru vy’Uburusiya. Ibi bikurikiye iyugarwa rya bimwe mu bimenyeshamakuru vy’Uburusiya bikorera mu bihugu vyo mu burengero bw’isi.

Iyi nteguro y’itegeko ibuza kandi ko amakuru y’ivyanditswe canke ibishikirizwa n’ivyo bimenyeshamakuru bizoba vyugawe abuzwa gukwirakwizwa mu Burusiya.

Iyi nteguro y’itegeko irindiriye kwemezwa n’abasenateri, imbere yo gusinywa na Perezida Vladimir Poutine igaca ibona kuba itegeko.

Abamenyeshamakuru bazorirengako bazoca bakwa ibibemerera gukorera mu Burusiya kandi nta n’akandi na kamwe bazoba bemerewe kuhakorera.

Umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire n’ayandi makungu, Sergei Lavrov, akunze kwagiriza ibihugu vyo mu burengero guhagarika ibimenyeshamakuru vyegamiye reta y’Uburusiya. Ivyahagaritswe ni itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Uburusiya, Sputnik na Televiziyo RT. Avuga ko uku ari uguhonyanga ubwigenge bwo gutangaza amakuru.

Mu kwezi kwa gatatu, Perezida Vladimir Poutine yarasinye itegeko rihanisha umunyororo urenga imyaka 15 kuri abo bose bashikiriza amakuru yise ay’ibinyoma ku gisirikare. Ibi vyatumye ibimenyeshamakuru bimwe vyo mu burengero bica biva mu Burusiya.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG