Uko wahagera

Gambiya: Reta Izokurikirana mu Butungane Yahya Jammeh


Yahya Jammeh yahoze ari perezida wa Gineya Equatorial
Yahya Jammeh yahoze ari perezida wa Gineya Equatorial

Reta ya Gambiya yavuze kuri uyu wa gatatu ko izokurikirana mu butungane uwahoze arongoye ico gihugu, Yahya Jammeh. Imwagiriza ivyaha vyo kwica, kuboreza igufa, hamwe n’ibindi vyaha vyakozwe ku butegetsi bwiwe bwamaze imyaka irenga 20.

Yahya Jammeh ari mu buhungiro muri Gineya Equatorial, igihugu kidafitaniye amasezerano yo guhanahana abaronderwa n’ubutungane na Gambiya.

Reta ya Gambiya yavuze ko izokurikirana abantu 70 bose batohojweko na komisiyo y’ukuri, ugusubiza hamwe no gutunganiriza abo ivyo vyaha vyagizeko ingaruka. Muri abo bakekwako ivyo vyaha harimwo n’uwahoze ari icegera ca perezida, Isatou Njie-Saidy, n’abandi bategetsi bari muri ubwo butegetsi.

Iyi komisiyo yari yasavye ko ikurikiranwa rya Yahya Jammeh hamwe n’abo bafatanije gukora ivyo vyaha, vyokorwa na sentare yo mu kindi gihugu co mu burengero bwa Afrika.

Komisiyo yatohoje abantu bari hagati y’240 n’250, barimwo umumenyeshamakuru w’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, Deyda Hydara, bishwe n’ubutegetsi bwari burongowe na Yahya Jammeh.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG