Uko wahagera

Gambiya: Yahya Jammeh Yasahuye Umuliyaridi w'Amadolari


Yahya Jammeh, ari hagati kw'ifoto, ari ku kibuga c'indege co ku murwa mukuru wa Gambiya, Banjul ariko aja mu buhungiro kw'italiki 27 z'ukwezi kwa mbere mu mwaka w'i 2017.
Yahya Jammeh, ari hagati kw'ifoto, ari ku kibuga c'indege co ku murwa mukuru wa Gambiya, Banjul ariko aja mu buhungiro kw'italiki 27 z'ukwezi kwa mbere mu mwaka w'i 2017.

Umurwi ujejwe itohoza kuri ruswa mu gihugu ca Gambiya umenyesha ko Yahya Jammeh, yahoze ari prezida w’ico gihugu yasahuye umuliyaridi w’amadolari. Yasahuye ayo mafranga akoresheje iterabwoba n’igihagararo ciwe mu kiringo c’imyaka 20 yamaze ku butegetsi. Ayo mafranga arenga incuro 10 ayo Reta nshasha y’igihugu ca Gambiya yari yiyumviye imbere yaho. Yasize Gambiya mu bibazo bikomeye vy’amadeni.

Yahya Jammed yasahuye ayo mafranga mu kigega ca Reta, harimwo ibanki nkuru y’igihugu, ikigega kijejwe gufasha abanyagihugu, hamwe no muri sosiyete ya Reta ijejwe guhanahana amakuru. Ivyo mu kiringo kirenga imyaka 20 yamaze ku butegetsi. Yakoresheje ayo mafranga mu kugura ibintu vy’ibiciro vy’umurengera. Avurwa ko agikoresha ayo mafranga mu buhungiro arimwo mu gihugu ca Guinee Equatoriale.

Muri ico gihe igihugu ca Gambiya kibandanya kuba mu bukene bukomeye cane. Ku bw’ibanki y’isi yose, ico gihugu cari gifise ideni ry’imiliyoni 489 y’amadolari mu mwaka w’i 2017.

Prezida mushasha wa Gambiya, Adama Barrow yari yavuze ko Yahya Jammed yasahuye hafi y’imiliyoni 90 z’amadolari.

Reta ya Gambiya ntaco iravuga ku cegeranyo cashikirijwe n’umurwi ujejwe itohoza kuri ruswa mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG