Uko wahagera

Uganda: Besigye Atavuga Rumwe n'Ubutegetsi Yagirizwa Gukokeza Uruhagarara


Kizza Besigye atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda
Kizza Besigye atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda

Kizza Besigye, umunyaporitike atavuga rumwe na reta ya Uganda yagirijwe gukokeza uruhagara uno musi ku wa gatatu. Ni inyuma y'uko atawe mu mvuto umusi w'imbere y'aho igihe yariko ashikiriza ijambo abari mu myiyerekano y'ukwiyamiriza ibiciro vy'ibintu vya nkenerwa bitera vyiyongera bikomeye.

Ibipapuro vyo muri sentare itororokanirizo ry’amakuru ry’abongereza, Reuters, ryashoboye kubona vyatangaza ko Kizza Besisgye, afise imyaka 66 muri iki gihe, yagirijwe kuba yashikirije ijambo abanyagihugu mu buryo butarekuriwe n’amategeko. Yagirizwa kandi ko yerekanye ko vyoba vyiza bagize imyiyerekano, ibintu sentare ivuga ko vyari gutuma ibitari bike bisamburwa canke vyononekara.
Yasabwe gutanga ingwati y’amashilingi y’amanyayuganda imiliyoni 30 kugira arekurwe. Yamara uwumwunganira yatangaje ko yagumye mu munyororo kubera atiteguriye kuriha amafranga angana uko.

Besigye amaze gutabwa mu mvuto incuro zitari nke. Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni yamutsinze mu matora y’umukuru w’igihugu incuro zine. Naho yatangaje ko abamushigikiye batewe ubwoba kandi amajwi yibwe. Besigye amaze igihe asaba ko reta igabanya amatagisi itangisha abanyagihugu kugira baronke akoyoko ku biciro vy’ibintu vya nkenerwa bitera vyiyongera cane.

Yamara avuga ko Prezida Museveni yanse kworohereza ubuzima bw’abanyagihugu, mu kuvuga ko ingwano muri Ukraine n’ikiza ca Covid-19 ari vyo vyatumye ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa ku banyagihugu vyiyongera bikomeye cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG