Uko wahagera

USA: Abishwe na Covid-19 Bashitse ku Muriyoni


Imva za bamwe mu Bishwe na Covid-19 muri Reta zunze ubumwe za Amerika
Imva za bamwe mu Bishwe na Covid-19 muri Reta zunze ubumwe za Amerika

Reta zunze ubumwe za Amerika, igihugu kiza kw’isonga mu gusinzikazwa n'ikiza ca Covid-19 , catakaje conyene abenegihugu baco barenga umuriyoni umwe.

Ni mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS kuri uyu wa kane ryavuze ko abantu barenga imiriyoni zibiri bamaze kwicwa na Covid-19 ku mugabane wa Buraya.

Intara ya Buraya ya OMS irimwo ibihugu 53 n’intara, harimwo n’ibihugu bitari bike vya Aziya. Kubwa OMS, abantu 2.002.058 barishwe na Covid-19 muri ako karere.

Ariko rero abandura bashasha hamwe n’abapfa baragabanutse gushika ku bice 26 kw’ijana na 24 mu misi indwi ihitiye nkuko bivugwa na OMS.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG