Uko wahagera

Abarundi n'Abanyarwanda Bagiriza Tanzaniya Kubananiza mu vy'Ubudandaji


Bamwe mu bitabiriye inama
Bamwe mu bitabiriye inama

I Kigoma muri Tanzaniya harakoraniye inama rukokoma ihuza Abagwizatunga baturuka mu bihugu 5 bisangiye ikiyaga ca Tanganyika ari vyo Uburundi, u Rwanda, Kongo, Tanzaniya na Zambiya. Bifuza kworosha urudandazwa rujabukiranya imipaka muri ivyo bihugu.

Abarwizatunga n’abanyamitahe baturuka muri ivyo bihugu 5 bihurira ku Kiyaga ca Tanganyika bose barahurizako ico gice kirimwo ubutunzi bwinshi ariko ko amategeko agenga ibihugu ataborohereza ku buhanahana, biciye ku mipaka no muri ico kiyaga.

Abanyarwanda n’Abarundi bagiriza igihugu ca Tanzaniya ko kibananiza mu gihe bagiyeyo gushinga amahinguriro no kudandarizayo. Tanzaniya yemeye ko abayagiriza batarira busema, yemera ko hari vyinshi bigiye gusubirwamwo kugira urudandazwa rwambukiranya imipaka rugende neza kandi na Tanzaniya kihungukire vyinshi. Hari mu nama rukokoma y'imisi itatu iriko ibera i Kigoma mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzaniya, igamije kwiga icokorwa kugira urudandazwa rwambukiranya imipaka rutezwe imbere.

Tanzaniya ikora kw’ibahari Indiyana, ahari ikivuko ca Dar-es-Salaam haca ibidandazwa hafi nka vyose bivuye hanze ya Afrika bigiye mu Karere ka Afrika y’Ubuseruko na Afrika yo hagati.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda

Tanzaniya Iremera Ivyagiriji vy'Abarundi n'Abanyarwanda
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:48 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG