Uko wahagera

Bombe Zibiri Z'Abiyahuzi Zahitanye 19 muri Afuganistani


Umugabo yakomeretse ariko aravurwa mu bitaro, inyuma y'aho bombe iturikiye i Mazar-e-Sharif, mu buraruko bwa Afuganistani, kw'itariki ya 28/04/2022.
Umugabo yakomeretse ariko aravurwa mu bitaro, inyuma y'aho bombe iturikiye i Mazar-e-Sharif, mu buraruko bwa Afuganistani, kw'itariki ya 28/04/2022.

Ibisasu bibiri bitandukanye vyaturikijwe mu modokari zunguruza abantu, mu buraruko bwa Afuganistani kuri uyu wa kane, vyishe abantu bashika icenda abandi 13 barakomereka. Mohammad Asif Waziri, umuvugizi w’igiporisi c’intara vyabereyemwo yavuze ko izi bombe zahanye iminota mu guturika mu bice vy’i Mazar-e-Sharif, umurwa mukuru w’intara ya Balkh. Abaronderwa kwicwa bari abayisilamu b’abashiite, nkuko yabivuze.

Umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu wemanze ko ari wo wakoze ico gitero. Bikurikiye ibindi bitero vy’iterabwoba vyaranzwe muri Afuganistani uku kwezi, vyahitanye abarenga 10 hamwe n’abatari bake bakomeretse.

Abatalibani bari ku butegetsi muri Afuganistani bavuze muri iyi ndwi ko abajejwe umutekano babo bakuyeho umuhari w’iterabwoba ISIS-K ubangamiye Afuganistani. Bavuze kandi ko utwigoro two kurangiza ibisigarira vyawo tukibandanya.

Ariko abanyefuganistani mu gihugu hamwe n’amakungu ntibakunze kwemera ibi bitangazwa n’ubutegetsi bw’Abatalibani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG