Uko wahagera

Bombe Zatewe kw'Ishure i Kabul Zahitanye Abantu 6


Abakomerekejwe na bombe i Kabul muri Afuganistani
Abakomerekejwe na bombe i Kabul muri Afuganistani

Abantu bashika kuri batandatu bishwe abandi hafi 10 barakomereka kuri uyu wa kabiri inyuma y’aho bombe zibiri ziturikiye hanze y’ishure ryigamwo ahanini abo mu bwoko bw’aba Shiite mu burengero bwa Kabul, umurwa mukuru wa Afuganistani.

Umuvugizi w’igiporisi c’i Kabul, Khalid Zadran yanditse akoresheje urubuga Twitter ko izo bombe zakurikiranye zatewe ku rwinjiriro rukuru rw’iryo shure ryitwa Abdul Rahim Shaheed School. Abanyeshure hafi 16.000 nibo bahiga kandi ni rimwe mu mashure manini muri Afuganistani.

Zadran yanditse ko abajejwe umutekano b’Abatalibani baciye bihuta kuhashika kandi amatohoza yaciye atangura.

Intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU kuri Afuganistani yagaye ivyo bitero.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Amnesty International ryise ivyo bitero ko vyari bitumbereye idini hamwe n’ubwoko bw’inkehwa. Ryavuze ko Abatalibani bananiwe gukingira abasivile.

Nta n’umwe yemanze ko yakoze ibi bitero ariko ishami ry’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Afuganistani, rizwi nka ISIS-K ryaremenze ibitero bihitiye vyakorerwe ubwoko bw’aba Shiite mu burengero bwa Kabul hamwe n’ahandi muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG