Uko wahagera

Igisasu Cyaturikije Umusigiti Gihitana Abarenga 30 muri Afuganistani


Muri Afghanistani, igisasu cyaturikije umusigiti, gihitana abantu barenga 30 mu mujyi wa Kunduz, mu majyaruguru y'igihugu. Igisasu cyaturitse mu gihe abantu bari mu isengesho ryo kuwa gatanu. Umuvugizi w'Abatalibani bari ku butegetsi, Zabihullah Mujahid, yatangaje kuri Twitter ku abantu 33 bapfuye, abandi 43 barakomereka. Yongeyeho ngo "ababikoze ni amashitani." Ati: "Turakora ibishoka byose kugirango tubate muri yombi kandi bahanwe."

Iki gisasu cyaturikiye mu musigiti w'Abasunite, rimwe mu mashami y'idini rya Islam. Abagiteze ntibaramenyekana. Ariko abagenzacyaha barakeka amababa umutwe wa Leta ya Kislamu. Barahera ko, ejo kuwa kane, wiyitiriye ibindi bisasu byaturitse mu murwa mukuru Kabul mu musigiti w'Abashiyite, irindi shami rya Islam, no mu mujyi wa Kunduz n'uwa nMazar-i-Sharif, nawo uri mu majyaruguru y'Afghanistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG