Uko wahagera

Uburusiya Buragabisha Intambara ya 3 y'Isi


Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakenga w'Uburusiya Sergei Lavrov
Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakenga w'Uburusiya Sergei Lavrov

Uburusiya kuri uyu wa mbere bwagabishije ko intambara muri Ukraine ishobora kuzovamwo intambara ya gatatu y’isi. Bwagiriza kandi Ukraine gukina umukino ku biganiro vy’amahoro, inyuma y’umusi umwe abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika bavuze ko abasirikare ba Ukraine bashobora kurwanya bagasubiza inyuma Uburusiya.

Mu kiganiro n’ibimenyeshamakuru mu Burusiya, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya Sergei Lavrov yaneguye inyifato ya Ukraine mu biganiro vy’amahoro, avuga ko kuba hashobora kuba intambara ya gatatu y’isi atawobifata minenerwe.

Haraheze amezi Perezida Zelensky asaba ibihugu vya buraya ibirwanisho biremereye, birimwo n’indege za gisirikare.

Umushikiranganji w’Ubwongereza wo kwivuna abansi Ben Wallace yatangaje kuri uyu wa mbere ko Ubwongereza bushobora kuringikira Ukraine ibiduga vya blinde bishobora gutera Misile indege z’intambara z’Uburusiya.

Reta zunze ubumwe za Amerika yamye iza imbere mu gufashisha Ukraine amafaranga n’ibirwanisho, kandi yafashe iya mbere no mu gufatira ibihano Uburusiya.

Abashikiranganji ba Amerika uw’imigenderanira Antony Blinken n’uwo kwivuna abansi Llyod Austin bavuze ko abadiplomate ba Amerika bagiye gusubira muri Ukraine buhoro buhoro guhera muri iyi ndwi. Batangaje kandi ko hari iyindi mfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyoni 700 z’amadolari igiye guhabwa Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG