Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yongeye gutorwa kurongora Ubufaransa kuri uyu w’Imana. Yatsinze uwo bari bahanganye Marine Le Pen ku majwi 58.2 kw'ijana.
Perezida Macron yahabwa amahirwe yo gutsinda ku majwi 58 kw’ijana ku biyandikishije gutora, mu gihe Le Pen yahabwa 42 kw’ijana mu biharuro vyashizwe ahagaragara n’amashirahamwe akurikirana ivy’amatora.
Perezida Macron abaye umuperezida wa mbere w’Ubufaransa atsindiye manda ya kabiri mu myaka mirongo ibiri iheze.
Perezida Macron w’imyaka 44 y’amavuko aracafise urugendo muri poritike muri iyi manda yiwe ya kabiri, rutangurira ku matora y’abashingamateka mu kwezi kwa gatandatu. Kugumana abashingamateka benshi ntibigaragara mu gihe afise indoto z’ivyo yipfuza kuzohindura mu Bufaransa.
Ibiharuro ntabanduka vy’aya matora vyitezwe kwemezwa neza na neza kuri uyu wa mbere.
Mw’ijambo ryiwe ryo kwigina intsinzi yashikirije aho yari ku kibanza c’iratiro ca Tour Eiffel ku murwa mukuru Paris, perezida Macron yemeye ko azotorera umuti ishavu ry’abashigikiye uwo yatsinze. Yavuze ko iki kiringo gishasha kidakwiye kubandanya nk’igihitiye mu myaka itanu iheze.
Facebook Forum