Uko wahagera

Macron Ahabwa Amahirwe yo Gutsinda Amatora mu Bufaransa


Emmanuel Macron na Marine Le Pen
Emmanuel Macron na Marine Le Pen

Abafaransa kuri uno wa Mungu bazindukiye mu matora ya Prezida. Batoye hagati ya Emmanuel Macron na Marine Le Pen afise ivyiyumviro bifatwa nk'ivyabahezanguni bakomeye ku vya kera.

Ibiharuro vy'imfatakibanza vyerekana ko Macron ahabwa amahirwe menshi yo gutsindira manda ya kabiri y'imyaka itanu. Emmanuel Macron w'imyaka 44 mu kwiyamamaza yavuze ko agatsinda iyindi manda ari nayo ya nyuma, azoshira imbere imigambi yo gukingira ibidukikije.

Macron na Le Pen ntibabona kimwe politike ikenewe ku Bufaransa ku bibazo bitandukanye birimwo ivy'abimukira, Ubutunzi, imigendernire n'Uburusiya, gushigikira abageze mu za bukuru n'ibidukikije. Ku ncuro ya mbere y'amatora, ivyiyumviro vya Macron vyaratsinze ariko ivya Le Pen.

Marie Le Pen w'imyaka 53 ariko agerageza kuba prezida w'Ubufaransa ku ncuro ya gatatu. Ari nka hamwe yotsinda, yoba abaye prezida wa mbere w'umugore atwaye Ubufaransa. Vyitezwe ko Macron ku mugoroba w'uno wa Mungu aza gushikiriza ijambo Abafaransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG