Uko wahagera

Hernandez Yahoze ari Perezida wa Honduras Yatwawe Kuburanishwa muri Amerika

Uwahoze ari perezida wa Honduras Juan Orlando Hernandez, hagati, atwawe ku ndege imushikana muri Reta zunze ubumwe za Amerika i Tegucigalpa, muri Honduras, kw'itariki ya 21/04/2022
Uwahoze ari perezida wa Honduras Juan Orlando Hernandez, hagati, atwawe ku ndege imushikana muri Reta zunze ubumwe za Amerika i Tegucigalpa, muri Honduras, kw'itariki ya 21/04/2022

Uwahoze ari perezida wa Honduras, Juan Orlando Hernandez yarungitswe muri Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kane kuburanishwa ku vyaha yagirizwa vyo kuba yarinjije muri Amerika amatoni y’ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Cocaine.

Uyu mugabo w’imyaka 53, yatwaye Honduras kuva mu 2014 gushika mu 2022, yagirijwe kandi ibiturire, ashobora kuzofungwa uwo guherayo mu gihe ivyaha vyomwagira.

Hernandez yagirizwa ko kuva mu 2004 ataraba perezida yinjije muri Amerika amatoni 500 ya cocaine, ayakura muri Colombiya na Venezuela.

Amerika yamurungikiye umutahe wo kumuhagarika amaze indwi zitatu gusa avuye ku butegetsi inyuma yo gutsindwa amatora. Yishikanye ku giporisi kw’itariki 15 z’ukwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG