Sentare ntahinyuzwa ya Honduras kuri uyu wa mbere yemeje irungikwa ry’uwahoze ari perezida w’ico gihugu Juan Orlando Hernandez muri Reta zunze ubumwe za Amerika gukurikiranwa ku vyaha vyo gucuruza ibiyovyabwenge.
Hernandez ashobora kuzofungwa ubuzima bwiwe bwose mu gihe ivyaha vyomwagira.
Uwahoze ari umushingamateka akaba kandi n’umuvukanyi wiwe, Tony Hernandez nawe yahanishijwe gufungwa ubuzima bwiwe bwose muri Amerika mu kwezi kwa gatatu 2021 ku vyaha vyo kudandaza ibiyayuramutwe.
Hernandez, yatwaye Honduras kuva mu 2014 gushika 2022, yagirizwa kuba yinjije muri Amerika amatoni 500 y’ibiyayuramutwe abikuye muri Colombiya na Venezuela kuva mu 2004. Yafashwe hagati mu kwezi kwa kabiri, amaze ikiringo kiri munsi y’ukwezi avuye ku butegetsi.
Facebook Forum