Uko wahagera

Igisirikare ca Isirayeli Carishe Abanyepalestina Babiri


Umunyepalestina arasa ibisasu ku basirikare ba Isirayeli, inyuma y'imyiyerekano yiyama intambara muri Gaza.
Umunyepalestina arasa ibisasu ku basirikare ba Isirayeli, inyuma y'imyiyerekano yiyama intambara muri Gaza.

Abasirikare ba Isirayeli bishe abagore babiri b’abanyepalestina kuri uyu w’Imana, inyuma y’aho umwe yirutse abatumbera nayo uwundi acumita n’imbugika umusirikare wa Isirayeli mu ntara ya Sijordaniya yigaruriwe na Isirayeli.

Iri seseka ry’amaraso rikurikiye ibindi bitero vyagabwe ku butaka bwa Isirayeli. Isirayeli nayo kandi yaragavye ibitero muri, no hanze y’igisagara Jenin co muri Sijordaniya. Muri iki gisagara niho umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Naftali Bennett yavuze ko havutse ibikorwa vy’iterabwoba.

Igisirikare ca Isirayeli cavuze ko ata kirwanisho casanganywe uwo mugore wa mbere carasiye i Betelehemu inyuma y’aho yankiye kwumvira abasirikare bamusavye kutabegera. Ariko cemeye ko catanguje amatohoza.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Isirayeli nabwo bwemeje urupfu rw’abo bagore babiri.

Abanyepalestina barenga 20, benshi baba bitwaje ibirwanisho baramaze kwicwa n’abajejwe umutekano ba Isirayeli kuva mu kwezi kwa mbere. Ni mu gihe abanyepalestina bo bavuga ko ubwicanyi bakorerwa na Isirayeli bwiyongereye mu ntara ya Sijordaniya.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG