Uko wahagera

NISA Yavuze ko Yamenye Uwashaka Kugandagura Prezida wa Somaliya


Mohamed Abdullahi Mohamed, prezida wa Somaliya
Mohamed Abdullahi Mohamed, prezida wa Somaliya

Kuri uno musi wa kabiri ni ho ibiro vya NISA vyashira ku rubuga rwaryo rwa twitta ko uwuyoboye umugambi wo ku gandagura umukuru w’igihugu ca Somaliya ari uwitwa Mohamed Mahir.

Ibiro vya NISA ntivyatanze ayandi makuru kuri iryo kekwa ry’igitero ariko bavuze ko abategetsi babimenyeshejwe.

Iryo gabishwa rije rikurikira ibitero bikomeye biheruka kugigwa n’imigwi ikorana na al-Qaida, bikaba kandi rije mu gihe igihugu ca Somaliya kimaze igihe caratevye gutunganya amatora mashasha y’umukuru w’igihugu.

Al-Shabab iriyitira igitero cagizwe kw’itariki ya 23 z’ukwezi kwa gatatu ku kibuga c’indege i Mogadishu cahitanye abantu 6.

Ku musi w’amaziko y’umushingamateka w’umukenyezi Amina Mohamed Abdi yari aherutse kuba mu bahitanywe n’igitero ca bombe cagizwe mu gisagara ca Beledweyne ciyitiriwe na Al-Shabab; umushikiranganji mukuru Roble yavuze ko ubuzima bwiwe bwari bubangamiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG