Uko wahagera

ONU Yemeje Umurwi Wayo Mushasha muri Somaliya


Abasirikare b'Uburundi bo mu nteko za AMISOM muri Somaliya bariko bitegura kuva i Jaale Siad i Mogadishu, kw'itariki ya 28/02/2019.
Abasirikare b'Uburundi bo mu nteko za AMISOM muri Somaliya bariko bitegura kuva i Jaale Siad i Mogadishu, kw'itariki ya 28/02/2019.

Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa kane yatoye iremeza ku bwinshi bw’abayigize, umurwi mushasha w’inteko za Afrika ziri kubungabunga amahoro muri Somalia.

Itegeko ryemejwe rivuga ko uyu murwi mushasha uzoza uragabanywa abasirikare kuva ku bashika 20.000, abaporisi hamwe n’abasivile kugeza kuri zero gushika mu mpera za 2024.

Uyu murwi mushasha w’ubumwe bwa Afrika muri Somaliya wiswe uw’imfatakibanza ujejwe gufasha abasirikare ba Somaliya kugira bazokwibeko muri kazoza. Usubiriye AMISOM, uwo ikiringo cawo kirangirana n’uyu wa kane.

Somaliya ihitiye mu bitero vya Al-Shabaab mu ndwi ziheze vyahitanye abatari bake, mu gihe ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika gushika ubu cananiwe gutunganya amatora y’abashingamateka kugira nabo babashe gutora umukuru w’igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG